Ubushikiranganji bw’ubudandaji, amahinguriro n’ingenzi burashingira ibiciro ibidandazwa bitandukanye. N’imodoka zunguruza abantu zica amafranga, zarashingiwe ibiciro haba mu gisagara ca Bujumbura, mbere no mu gihugu hagati ahari ibituro hose, ibiciro birazwi. Yamara urugendo rwo kuva mu gisagara ca Bujumbura gushika ku Mpanda( kw’itongo ry’abavuye) hasa n’ahibagiwe. Impari hagati y’abipakije baherekeje ubwanyuma ababo hamwe n’abatwara imiduga zama zabaye. Niko vyagenze Ku wa 05 Munyonyo 2022 , aho bamwe bidoga ko barihishijwe menshi .
Turi ku munsi wa gatandatu,igihe c’isaha zitatu n’iminota 45(9h45′) , imisa yo gusabira abitavye Imana bagira baje gushingurwa irasohotse. Ni kuri cathédrale Régina Mundi ku wa 05/11. Ama bus (imodoka zunguruza abantu zica amafranga) aratonze umurongo ariko arakoka abantu.
Aho baciriye ubwenge (abashoferi n’abakokayi) , batohoza izina ry’uwitavye Imana maze bagaca basemerera bati abaherekeje naka(izina ryiwe) nimwurire ngaha. Abaherekeje uwabo babuze batanka, batera burira. Uturirimbo tw’umubabaro, ibiyago bitagira umunezero ku begeranye…. Isaha zine n’iminota 15 (10h15′) , turarenze kuri CHANIC uwurihisha(convoyeur) aratanguye kubaza amafranga abicaye imbere.
« Ni amahera 4.000 » , aho yishuye abariko barabaza . Impari ziratanguye, bamwe bararishe bidoga , abandi impari zibaye nyinshi yamara barapfuye kuriha.
Ashikiriye abo ku ntebe ya 3 , abakiriya baramubereye ifuro ry’igiti , barayamwimye kuko ari umurengera. « Kubera iki turiha ayo twahora turiha mw’ikena ry’igitoro ? Ntibishoboka » . Abandi bati » duheruka ku mpanda, nta n’indwi irahera kandi twariha 3.000Fbu , none wewe iyo modoka yawe ntimeze nk’izindi ? Ntayo ndaguha , kandi ndagusavye ureke kutubabaza kabiri » .
Umucamanza arabonetse,….
Muri ako kanya nyene , iyindi bus itwaye abaherekeje ubwanyuma wa mwigeme N.G nyakwigendera w’imyaka 33 , cokimwe n’abo bari mw’iyo irimwo impari , irabahambije, zigenda zibangabanganwa. Bamwe mu bakiriya bacisha imitwe mu madirisha babaza abari mu yindi modoka, « mbega mwe mwamurishe angahe ? » . Inyishu ntitevye, « twarishe 3.000F » . Kuzomera convoyeur, ni vyo bikuriye, kandi nawe aremeye kurihisha vya bihumbi 3 . Bamwe bariha imbere nabo bari muri nsubiza, « yasetse subiza convoyeur we ! » Amahoro aragarutse muri bus.
Inyuma y’iminota 25 , bus irashitse aho bashingura uwabo. Yamara hirya gato, uwundi musore yambaye akaberwa n’ubwanwa busokoje neza yaje n’iyindi bus, badadikanye na convoyeur. Impamvu, amurishe ayadakwiye : 1.500F .
Uwo musore ariko arisigura ko atabwiwe ibeyi. « Mwe mwahamagaye muti abaherekeje naka nimwinjire ngaha, none hari amahera mwigeze muvuga ? Je ntayandi mfise . » Vyarangiye convoyeur abwiye wa musore ko ataza kuyihonyozamwo ikirenge mu gusubirira inyuma.
Izo mpari ngo ziba kenshi nk’uko bamwe muri abo bari baherekeje ababo bavyiganye.
Bakavuga mu gihe ubushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo gutwara abantu n’ibintu butarashinga igiciro co kwiyunguruzako Bujumbura (mairie)-Mpanda (cimetière) ico Kibazo kizokwama cabaye.
HABURANIMANA GERARD